Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki

1 Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.

2 Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubutungane”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro.”

3 Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.

4 Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.

5 Ivyagezwe vya Mose vyategeka abaherezi bo mu muryango wa Lewi kwaka ubwoko bw’Abisirayeli ica cumi ku vyo bafise, abo na bo bari abavukanyi babo, kandi na bo bari uruvyaro rwa Aburahamu.

6 Ariko Melekisedeki, atari uwo mu ruvyaro rwa Lewi, yarakiriye ica cumi ahawe na Aburahamu. Kandi Melekisedeki yarahezagiye Aburahamu, uwari yarakiriye isezerano ry’Imana.

7 Nta gukekeranya kuriho ko uwutanga umuhezagiro aba aruta uwuhabwa umuhezagiro.

8 Abaherezi bakira ica cumi ni abantu bapfa, ariko Melekisedeki we Ivyanditswe bivuga ko yamaho.

9 Dushobora kuvuga ko aba Balewi bakira ica cumi, bagihaye Melekisedeki biciye muri sekuruza Aburahamu igihe yakimuha.

10 Kuko naho Lewi atari bwavuke, yari akiri mu nda kwa Aburahamu igihe Melekisedeki yakira ica cumi ahawe na Aburahamu.


Yesu agereranywa na Melekisedeki

11 Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?

12 Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.

13 Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze gukora ku gicaniro nk’umuherezi.

14 Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.

15 Ivyo birumvikana cane kuko habonetse uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki.

16 Yesu ntiyabaye umuherezi habanje gukurikizwa ibisabwa bifatiye ku mamuko yiwe nk’umuntu, ariko yabaye umuherezi hakurikijwe ubushobozi bw’ubugingo budashobora gushira.

17 Ivyanditswe Vyera bimuvugako ngo: “Uri umuherezi w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.”

18 Ivyasabwa kera ku bijanye n’ubuherezi vyarakuweho kuko vyari bifise intege nke kandi nta co vyari bimaze

19 (kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa.) Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.

20 Kandi ivyo vyabaye habanje kuba indahiro. Abaherezi ba mbere bo babayeho hatabanje kuba indahiro.

21 Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti: “Uhoraho yararahiye, kandi ntazohindura ico yavuze: ‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’”

22 Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.

23 Mu gihe ca kera hari abaherezi benshi kuko urupfu rwababuza kubandanya igikorwa.

24 Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.

25 Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.

26 Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.

27 Yesu aratandukanye n’abandi baherezi bakuru kuko we ntakeneye gutanga ibimazi ku musi ku musi, nk’uko abandi babanza gutanga ibimazi vy’ivyaha vyabo, hanyuma bakabona gutanga ivy’abandi bantu. Yesu we yabikoze rimwe rizima igihe yitanga nk’ikimazi ku bw’ivyaha vy’abantu.

28 Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan