Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,

2 inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.

3 Dutere tuja imbere; kandi Imana ivyemeye, ni ko tuzobigenza.

4 Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,

5 bakumviriza ku vyiza vy’ijambo ry’Imana no ku bushobozi bw’ibihe bigiye kuza;

6 hanyuma bakava ku Mana. Ntibikunda kugarukana abantu nk’abo ku kwihana, kuko baba bahisemwo kubamba ubugira kabiri Umwana w’Imana, bagaha abandi akaryo ko kumutuka.

7 Iyo umurima wakiriye imvura iguye kuri wo hanyuma ugakuza ibiterwa bigirira ikimazi umurimyi, Imana irawuhezagira.

8 Ariko umurima umera amahwa n’ibitovu nta co uba umaze, uba uri hafi kuvumwa, kandi amaherezo yawo ni uguturirwa.

9 Bakundwa, n’aho tuvuga aya majambo, turizera ko muri mu nzira nziza; inzira ibashikana ku gakiza.

10 Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.

11 Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.

12 Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.


Amasezerano y’Imana azana ivyizigiro

13 Igihe Imana yaha isezerano Aburahamu, yarahiye mw’izina ryayo kuko ata rindi zina ry’uwundi muntu ayiruta yari kurahiramwo.

14 Yavuze iti: “Nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe.”

15 Nuko Aburahamu arindira yihanganye, maze yakira ivyo Imana yari yaramusezeraniye.

16 Iyo abantu barahira, babikora mw’izina ry’umuntu abaruta, kandi iyo ndahiro iza ihagarika impari zose.

17 Imana na yo yakoresheje indahiro, kugira ngo abahawe isezerano bamenye badakekeranya ko idashobora guhindura ico yavuze.

18 Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.

19 Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;

20 aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan