Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abaheburayo 12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye kwiyambura ibintu vyose bituboha bikatubuza kubandanya hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze dusiganwe n’umwete mw’ihiganwa Imana yashize imbere yacu.

2 Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.

3 Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.


Imana itoza indero abana bayo

4 Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka.

5 Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti: “Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho, kandi ntugacike intege iyo aguhanye;

6 kuko Uhoraho aha indero abo akunda, kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe.”

7 Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?

8 Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri.

9 Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.

10 Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.

11 Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.

12 Nuko rero, ni mugorore amaboko yanyu arushe, mukomeze n’amavi acitse intege.

13 Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.


Kugabisha no gutera intege

14 Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.

15 Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.

16 Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.

17 Murazi ko mu nyuma yarondeye kwakira umuhezagiro wa se, ariko akirukanwa. Naho yawuronderanye amarira, ntivyakunze ko se ahindura iciyumviro.

18 Ntimwegereye umusozi umuntu ashobora gukorako: nta mbeya z’umuriro, nta mwijima, nta joro, nta mituragaro,

19 nta gusamirana kw’inzamba canke ijwi riteye ubwoba ku buryo abaryumvise basavye kudasubira kuryumva,

20 kuko batashobora kwihanganira itegeko Imana yatanze iti: “Ikintu cose kizokwegera uwu musozi, naho coba igitungwa, kize cicishwe amabuye.”

21 Ivyo babonye vyari biteye ubwoba ku buryo Mose yavuze ati: “Ndiko ndahindishwa agashitsi n’ubwoba.”

22 Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.

23 Mwegereye ikoraniro ry’imfura z’Imana, bandikishije amazina yabo mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.

24 Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.

25 Mwirinde ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha kw’isi, natwe ntidushobora gukira igihano nitwanka kwumviriza uwuvuga ari mw’ijuru.

26 Igihe Imana yavugira ku musozi Sinayi, ijwi ryayo ryanyiganyije isi; uno musi na ho Imana isezerana iti: “Nzosubira kunyiganyiza, atari isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.”

27 Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.

28 Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe.

29 Kuko “Imana yacu ni umuriro utongora.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan