2 Timoteyo 4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe: 2 wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza. 3 Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa. 4 Bazokwihakana ukuri, bahindukirire imigani. 5 Ariko wewe, wame uri maso muri vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse ku musozo ibango Imana yaguhaye. 6 Nayo jewe, ndi hafi yo gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa; igihe canje co kurangiza kirashitse. 7 Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera. 8 Ubu ndindiriye umudari wo kugororoka, uwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri uwo musi. Kandi ntazowuha jewe jenyene, azowuha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe. Gusozera 9 Gerageza uzoze kundaba vuba, 10 kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya. 11 Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje. 12 Tukiko namurungitse muri Efeso. 13 Niwaza uzonzanire ikoti y’imbeho nasize kwa Karupo i Tirowa, n’ibitabu vyanje, na canecane imizingo y’ibitabu. 14 Alegizandere umucuzi yarambabaje cane. Umwami Imana amwishure ibihwanye n’ivyo yankoreye. 15 Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha. 16 Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko. 17 Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe. 18 Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen. Intasho 19 Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo. 20 Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto. 21 Wigore uzoshike hano imbere y’igihe c’imbeho nyinshi cane. Yeburusi, Pudensi, Linusi, Korodiya n’abandi bene Data bose barabaramutsa. 22 Umwami Imana abane n’impwemu yawe. Ubuntu bubane namwe mwese. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.