2 Timoteyo 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu, 2 Ndakwandikiye mwana wanje nkunda Timoteyo: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we. Pawulo ashima Imana 3 Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga. 4 Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero. 5 Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe. Pawulo ahanura Timoteyo 6 Ni co gituma ndakwibutsa kwongera kwatsa ingabire Imana yaguhaye igihe nakurambikako ibiganza. 7 Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu. 8 Nuko rero ntukagire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, kandi ntuterwe isoni nanje imbohe yiwe. Ahubwo ku bw’inkomezi wahawe n’Imana, wemere ubabazanywe nanje ku bw’Ubutumwa Bwiza. 9 Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho, 10 ariko buhishurwa mu kuza kw’umukiza wacu Kristo Yesu, uwasambuye rwose ububasha bw’urupfu, agashira ahabona ubuzima n’ukudapfa biciye mu Butumwa Bwiza. 11 Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha. 12 Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe. 13 Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu. 14 Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe. Abataye Pawulo n’abamugumyeko 15 Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni. 16 Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero. 17 Igihe yaza i Roma, yarandondeye hose gushika arantora. 18 Umwami Imana amuhe kuzobona ubuntu buva kuri Kristo ku musi azogarukirako. Murazi ingene yamfashije mu buryo bwinshi igihe nari muri Efeso. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.