Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Tesalonike 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Gusaba amasengesho

1 Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe.

2 Mudusengere kandi kugira ngo Imana idukize abanyakibi, kuko bose si abizera.

3 Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.

4 Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura.

5 Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.


Kugwanya ubunebwe

6 Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye.

7 Kuko mwebwe nyene murazi ingene mubwirizwa gukurikira akarorero twabahaye. Ntitwigeze tuba ibinebwe igihe twari kumwe namwe,

8 kandi nta we twigeze turya ivyokurya tutabiguze. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe.

9 Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza.

10 N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: “Uwudashaka gukora no kurya ntarye.”

11 Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba.

12 Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.

13 Namwe bene Data, ntimukadendebukirwe gukora ineza.

14 Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara.

15 Ntimuze mubafate nk’abansi banyu, ariko mubaburire nk’abavukanyi.


Gusezera

16 Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.

17 Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje, ni co kimenyetso mu makete yanje yose. Uku ni ko nandika.

18 Ubuntu bw’Umwami wacu yesu Kristo bubane namwe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan