2 Tesalonike 2 - Bibiliya mu Kirundi corosheKudahagarikwa imitima no kugaruka kwa Yesu 1 Bene Data, ku bijanye n’ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we, 2 turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika. 3 Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka. 4 Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene. 5 Mbega ntimwibuka ko nkiri kumwe namwe ibi nahora ndabibabwira? 6 Kandi murazi ko igitumye ataraza ubu, ari kugira ngo azohishurwe igihe gikwiye kigeze. 7 Kuko ubushobozi bw’umugararizo n’ubu buriko burakorera mw’ibanga, kandi buzoguma gutyo gushika ikimutangira kivuye mu nzira. 8 Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe. 9 Kuza kw’uwo mugarariji, kuzogaragazwa n’ibikorwa vya Satani, n’ubushobozi bwo gukora ibimyenyetso n’ibitangaza kugira ngo azimize abantu. 10 Azokoresha uruhendo rw’uburyo bwose kugira ashobore kuzimiza abaja mu mahonero, kuko banse gukunda no kwemera ukuri ari kwo kwari kubakiza. 11 Ni co gituma Imana ibarungikira ububasha bw’ubuzimire kugira ngo bemere ivyo binyoma, 12 hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza. Guhagarara dushikamye 13 Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri. 14 Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo. 15 None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye. 16 Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza, 17 baremeshe imitima yanyu bongere babakomeze mu bikorwa vyiza no mu majambo yanyu. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.