2 Petero 2 - Bibiliya mu Kirundi corosheAbigisha b’ibinyoma n’uguhona kwabo 1 Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse. 2 Benshi bazokurikira inzira zabo z’ibiteye isoni, bakengere inzira y’ukuri. 3 Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye. 4 Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza. 5 Kandi nimba itihanganiye isi ya kera igihe yarekurira umwuzure ku bantu b’ico gihe batubaha Imana, ariko igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, n’abandi ndwi gusa; 6 hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana; 7 ariko igakiza Loti, umugororotsi, yababazwa n’ibikorwa bibi vyakorwa n’abagarariji 8 (kuko uwo mugororotsi yaba muri bo, imisi yose, akama ababazwa mu mutima wiwe ugororotse n’ibikorwa vy’ubugarariji bakora abibona kandi avyumva). 9 Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira. 10 Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru; 11 ariko n’abamarayika, mbere basumvya abo bantu inkomezi n’ububasha, ntibubahuka kuvuga nabi no kwagiriza abameze batyo imbere y’Umwami Imana. 12 Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo. 13 Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo. 14 Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana! 15 Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi. 16 Ariko yahanuwe n’indogoba (igikoko kitavuga) mu vyo yariko arakora bibi, aho yatura ikavugisha ijwi ry’umuntu maze igahagarika ubusazi bw’uwo muvugishwa. 17 Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya. 18 Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma. 19 Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose). 20 Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere. 21 Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe. 22 Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.