2 Korinto 8 - Bibiliya mu Kirundi corosheUgufasha abera b’Imana 1 Bene Data, turashaka ko mumenya ubuntu Imana yagiriye amashengero y’i Makedoniya. 2 Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo. 3 Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene. 4 Baratwinginze kenshi ngo tubagirire ubuntu ngo bagire ico bakoze mu gutanga imfashanyo igenewe abera b’i Yerusalemu. 5 Bakoze ibirengeye ivyo twari twiteze, kanatsinda babanje kwitanga ubwabo, biha Umwami bongera baratwiha nk’uko Imana yabigomvye. 6 Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize. 7 Ariko nk’uko muri agakura mu kwizera, mu mvugo, mu bumenyi, mu mwete mwinshi no mu rukundo mudufitiye, mube agakura muri ubwo buntu bwo gutanga. 8 Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise. 9 Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi. 10 Iyi ni yo nama yanje y’uko bikwiye kugenda: mu mwaka uheze mwabaye ab’imbere atari mu gutanga gusa, ariko no mu gufata ingingo yo kubikora. 11 None rero nimurangize ico gikorwa mwatanguye, kugira ngo rirya shaka mwerekanye mu ntango ribonekere mu kubishira mu ngiro. Mutange bivanye n’uko mwishoboye. 12 Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise. 13 Ico twipfuza si uko bamwe bagira agahengwe namwe musigaye mu bukene, ariko ni uko mwogira ibingana. 14 Ubu mufise umusesekara, kandi murashoboye gufasha abakenye. Ikindi gihe kizoza aho na bo bazoba bafise umusesekara, bakabafasha mukenye. Aho ni ho hazoba hari ukungana. 15 Nk’uko Ivyanditswe bivuga: “Abegeranije vyinshi basanze bitarenze ivyo bakeneye, abegeranije bike na bo basanze bitari musi y’ivyo bari bakeneye.” Tito arungikwa kwakira imfashanyo 16 Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu. 17 Kuko yakiranye umutima mwiza ugutera intege kwacu, kandi akaba afise inyota yo kugaruka iwanyu avyishakiye. 18 Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza. 19 Kandi ishengero ni ryo ryamugenye ngo aduherekeze dutwaye imfashanyo i Yerusalemu, igikorwa c’ubuntu gihesha Imana icubahiro, kikerekana umwete dufise mu gufasha abatishoboye. 20 Dushaka ko ata wodutora utunenge mu buryo dutanga izo mfashanyo. 21 Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu. 22 Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe. 23 Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo. 24 Nuko rero nimubereke, imbere y’amashengero, icemeza ko urukundo mubafitiye ari urw’ukuri kandi ko dufise imvo ituma tubanezerererwa. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.