Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.


Pawulo anezerererwa ukwihana kw’ishengero

2 Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.

3 Ibi sindiko ndabivuga mu kubacira urubanza. Nababwiye ko muri mu mitima yacu, kandi ko turi kumwe namwe dupfa canke tubaho.

4 Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.

5 Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.

6 Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.

7 Twaranezerewe tumubonye tukumva n’ubutumwa bw’indemesho mwamurungikanye. Amaze kumbwira ingene mwipfuza ko nza iwanyu, n’ukuntu mubabajwe n’ivyadushikiye, hamwe n’ishaka mwerekanye mu kunyitaho, umunezero wanje wabaye uw’akaburarugero.

8 Naho nabateye imibabaro mw’ikete nabarungikiye, sindavyicuza. Naho nari nicujije ubwa mbere kubera nari nabonye ko nabababaje, wari umubabaro w’akanya gato.

9 Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera ryabababaje, ariko kubera umubabaro ryabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.

10 Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.

11 Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.

12 Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.

13 Ivyo rero vyaraduteye intege. Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.

14 Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.

15 Kandi iyo yibutse ingene mwese mwamwumvira n’ukuntu mwamwakiranye igitinyiro n’icubahiro cinshi, umutima wiwe urushirizaho kubagirira igishika.

16 Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan