Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Twitege imibiri mishasha

1 Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.

2 Ivyo bitarashika, tunihira mu mubiri wacu, turindiriye kwambikwa imibiri yo mw’ijuru nk’ivyambarwa vyacu,

3 kuko tumaze kuyambara ntituzosangwa turi gusa.

4 Tukiri muri uwu mubiri twambaye, turaboroga, tukaruha, ariko ntibisigura ko twipfuza gupfa ngo tuwuvemwo. Ariko ni kubera twipfuza kwambara imibiri yacu mishasha, kugira ngo iyi mibiri ipfa ihindurwe iyizobaho ibihe vyose.

5 Imana ni yo nyene yabiduteguriye, ica iduha na Mpwemu wayo nk’ingwati yemeza ibizoza.

6 Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.

7 Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.

8 Twumva turemye nk’uko nabivuze, kandi icotubera ciza ni uko twova muri uwu mubiri, kuko twoca twigira i muhira kwibanira n’Umwami wacu.

9 Ariko ico twipfuza imbere ya vyose, ni ukunezereza Umwami wacu, haba mu kuguma muri uwu mubiri canke mu kuwuvamwo.

10 Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.


Igikorwa c’umwuzuzo

11 Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.

12 Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.

13 Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.

14 Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera.

15 Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.

16 Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri.

17 Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

18 Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo.

19 Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.

20 None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.

21 Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan