Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mbega dusubiriye gutangura kwihayagiza? Canke dukeneye amakete yo kuduhayagiza mwandikirwa canke mwandika, nk’uko bamwe bayakenera?

2 Ni mwebwe nyene makete yacu yanditswe mu mitima yacu, ayo bose basoma bakayatahura.

3 Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.

4 Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo.

5 Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.

6 Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Ubwiza butangaje bw’isezerano rishasha

7 Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,

8 mbega igikorwa ca Mpwemu Yera ntikizorushiriza kugira ubwiza burengeje?

9 Nimba igikorwa cadutsindisha cari cisakaje ubwiza, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza?

10 Twovuga mbere ko imbere y’ubwo bwiza butangaje, ubwiza bwo hambere budasubira no kuboneka.

11 Kandi nimba ivya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?

12 Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.

13 Ntitumeze nka Mose yahisha mu maso hiwe n’igitambara kugira ngo Abisirayeli ntibabone ukwo gukayangana, kandi kwari ukw’akanya gato.

14 Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.

15 No gushika uno musi, iyo basomye ivyagezwe vya Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bituma badatahura.

16 Ariko hagize uwuza ku Mwami Yesu, ca gitambara kimukurwako.

17 Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.

18 Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan