2 Korinto 2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Ni co gituma nafashe ingingo yo kudasubira kubagendera kugira ngo sinongere kubazanira umubabaro. 2 Kuko nimba narabateye umubabaro, hari abandi bazontera umunezero atari mwebwe nababaje? 3 Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje. 4 Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda. Muharire ababagirira nabi 5 Nimba hariho uwabateye umubabaro, si jewe yabikoreye, ni mwebwe mwese yabikoreye, canke bamwe muri mwebwe, kandi aha sindengeje urugero. 6 Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze. 7 Ni co gituma ubu hageze ko mumuharira, mukamwirura, ahandi ho umubabaro womuca intege. 8 Ndabinginga rero ngo musubire mumwereke urukundo. 9 Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose. 10 Uwo muntu mumuhariye, nanje nzoba ndamuhariye. Kandi igihe cose bikenewe ko ntanga imbabazi, ndabikora ku bwanyu ndi imbere ya Kristo, 11 kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko turazi ivyo yiyumvira. Umwitwarariko n’ukuremeshwa vya Pawulo 12 Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango yo kubikora. 13 Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya. 14 Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu kwigina intsinzi ya Yesu. Iciye kuri twebwe, imenyekanisha Kristo kuri bose nk’umubavu umota neza. 15 Kuko ku Mana turi ubumote bwa Kristo, ku bariko barakizwa n’abariko baraja mu mahonero. 16 Ku bariko baraja mu mahonero turi umunuko w’urupfu, ariko ku bariko barakizwa turi akamoto k’ubuzima. Mbega ni nde abereye gukora igikorwa nk’iki? 17 Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.