Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ivyo Pawulo yeretswe

1 Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.

2 Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.

3 Koko Imana yonyene ni yo izi ko yari mu mubiri canke yari yawukuwemwo, ariko ndamuzi.

4 Yajanywe mw’iparadizo, yumva ivyo ata woshobora gusigura, ivyo ata muntu yemerewe kuvuga.

5 Nk’uwaciye mu bintu nk’ivyo nari nkwiye kwirata, ariko sinirata inkomezi zanje, nzirata intege nke zanje.

6 Kandi naho nohitamwo kwirata, sinoba nihenze kuko noba ndiko mvuga ivy’ukuri. Ariko mpisemwo kubireka kugira ngo ntihagire abanyiyumvira ukurengeye uko bambona mu bikorwa vyanje no mu vyo nigisha.

7 Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.

8 Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo,

9 ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.” Ni co gituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.

10 Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantege nke ari ho mba umunyenkomezi.


Umwitwarariko wa Pawulo kw’ishengero ry’i Korinto

11 Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.

12 Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.

13 Mbega hari ico ayandi mashengero yaronse mwebwe mutaronse? Hariho kimwe gusa, sinabaremereye ku bijanye n’ivyo kwibeshaho. Nimba mubona ko bitari vyiza, muranyihanganira.

14 Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.

15 None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?

16 Namwe muremera ko ntababereye umutwaro. Ariko bamwe muri mwebwe bibaza ko ndi umunyabwenge, ko nabakuyeko inyungu mu bwenge.

17 Mbega abantu nabatumyeko hari inyungu babatse?

18 Ninginze Tito ngo aze iwanyu, azanana n’umwe mwene Data wundi. Mbega hari inyungu babakuyeko? Mbega ntitwakoreye mu Mpwemu imwe no mu buryo bumwe?

19 Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.

20 Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.

21 Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan