2 Korinto 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya: 2 Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe. Pawulo ashima Imana 3 Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, 4 we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana. 5 Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we. 6 Kandi nimba turiko turaca mu mibabaro, ni ukugira ngo mwirurwe mwongere muronke agakiza; nimba twiruwe, ni ukugira ngo namwe mwirurwe maze mushobore kwihanganira imibabaro isa n’iyo turiko turacamwo. 7 Ivyizigiro vyacu ku bwanyu birahamye, kuko turazi ko mufatanya natwe mu mibabaro yacu, kandi ko muzokwiruranwa natwe. 8 Bene Data, twibaza ko mukwiye kumenya imibabaro twabayemwo muri Aziya. Twaciye mu makuba arengeye ayo twashobora kwihanganira, dutakaza ivyizigiro, gushika aho twibaza ko tutorokotse. 9 Mu vy’ukuri, twumva ko twaciriwe urwo gupfa. Ariko ivyo vyabaye kugira ngo tureke kwizigira inkomezi zacu, ariko twizere Imana izura abapfuye. 10 Ni yo yadukijije ayo makuba yari kutwica, kandi ni yo izokwama idutabara. Muri yo ni ho twashize ivyizigiro vyacu kandi twizera ko izokwama idutabara. 11 Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi. Pawulo asivya urugendo rwiwe 12 Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu. 13 Kuko mu makete yacu tubandikira ivyo mushobora gusoma no gutahura gusa. Nizera ko 14 muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe. 15 Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera kugira ngo mugirirwe ubuntu kabiri. 16 Nari nateguye guca iwanyu ngiye i Makedoniya, nkongera nkahaca ngaruka, kugira mumfashe mu bikenewe ku rugendo rwanje nja i Yudaya. 17 Mbega nkibitegura sinari navyiyumviriyeko? Mbega nabaye nk’ab’isi bavuga “Egome” ariko mu mitima yabo ari “Oya”? 18 Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.” 19 Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa. 20 Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni “Egome” muri Kristo Yesu. Kandi muri we “Amen” tuvuga bisigura ngo “Egome” iraduga igahesha Imana icubahiro, 21 Imana ni yo iduha gukomerana namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuye, 22 idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose. 23 Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu. 24 Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.