1 Yohana 5 - Bibiliya mu Kirundi corosheUkwizera 1 Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo. 2 Ikitwereka ko dukunda abana b’Imana ni urukundo dukunda Imana no kwitondera amabwirizwa yayo. 3 Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye, 4 kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo intsinzi ni ukwizera kwacu. 5 Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana. 6 Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri. 7 Hari ivyabona bitatu bishinga intahe: 8 Mpwemu, amazi n’amaraso; kandi uko ari bitatu bishinga intahe imwe. 9 Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo. 10 Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo. 11 Iyo ntahe na yo ni iyi: Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo buri mu Mwana wayo. 12 Umuntu wese afise Umwana afise ubugingo; umuntu wese adafise Umwana w’Imana nta bugingo afise. Amajambo yo kurangiza 13 Ibi ndabibandikiye mwebwe mwizeye izina ry’Umwana w’Imana kugira ngo mumenye ko mufise ubugingo budashira. 14 Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva. 15 Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye. 16 Niwabona mwene Data wundi akoze icaha kitari ico kumwicisha, uze umusengere, Imana na yo izoha uwo muntu ubugingo. Ibi ndabivuze ku muntu yakoze icaha kiticisha. Ariko hariho icaha cicisha; simvuze ngo musengere umuntu yakoze icaha nk’ico. 17 Igikorwa cose kibi ni icaha, ariko hariho ivyaha biticisha. 18 Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako. 19 Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi. 20 Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira. 21 Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.