Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Yohana 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

2 Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

3 Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.

4 Umuntu wese acumura aba arenze icagezwe n’Imana; kuko gukora icaha ni ukugarariza icagezwe n’Imana.

5 Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.

6 Nta muntu n’umwe aba muri we abandanya acumura. Umuntu wese abandanya acumura ntaramubona kandi ntaramumenya.

7 Bana nkunda, ntimukemere ko hagira umuntu n’umwe abazimiza. Umuntu akora ibigororotse ni umugororotsi, nk’uko Kristo ari umugororotsi.

8 Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.

9 Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.

10 Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


Gukundana

11 Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.

12 Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.

13 Ntimugatangare, bene Data, isi niyabanka.

14 Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.

15 Umuntu wese yanka mwene Data wundi ni umwicanyi, kandi murazi ko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira muri we.

16 Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.

17 Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?

18 Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.

19 Iki ni co kizotwereka ko turi ab’ukuri, bigatuma imitima yacu ishira amanga imbere y’Imana.

20 N’igihe imitima yacu iducira urubanza, turazi ko Imana iruta imitima yacu kandi ko izi vyose.

21 Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya.

22 Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.

23 Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.

24 Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan