Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Yohana 2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.

2 Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.


Ibwirizwa rishasha

3 Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.

4 Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.

5 Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.

6 Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.

7 Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise.

8 Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.

9 Umuntu wese avuga ko agendera mu muco, ariko akanka mwene Data, uwo aracagendera mu mwijima.

10 Umuntu wese akunda mwene Data wundi agendera mu muco, kandi nta kintu na kimwe muri we cotuma atsitara.

11 Ariko umuntu wese yanka mwene Data aracari mu mwijima kandi agendera muri wo. Ntazi iyo aja, kuko umwijima wamuhumishije.


Igitumye Yohana yandika

12 Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.

13 Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mwanesheje wa mubi.

14 Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko muzi Data. Ndabandikiye mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu, ndetse mwaranesheje wa mubi.


Ntimugakunde isi

15 Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we.

16 Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.

17 Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.


Antikristo

18 Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.

19 Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.

20 Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.

21 Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko ndabandikiye kuko mukuzi kandi kubera ata kinyoma kiva mu kuri.

22 Ni nde mubeshi? Ni umuntu wese ahakana ko Yesu ari Kristo. Uwo muntu ni antikristo, kuko ahakana Data n’Umwana.

23 Umuntu wese ahakana Umwana, ntaba afise na Data; ariko uwemera Umwana aba afise na Data.

24 Mwebwe, nimuzigame mu mitima yanyu ivyo mwigishijwe kuva mu ntango. Nivyagenda uko, namwe muzoguma mu Mwana no muri Data.

25 Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.

26 Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.

27 Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.


Abana b’Imana

28 Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.

29 Nimba muzi ko uwo ari umugororotsi, murazi kandi ko umuntu wese akora ibigororotse yavyawe n’Imana.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan