1 Yohana 1 - Bibiliya mu Kirundi corosheJambo w’ubugingo 1 Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu. 2 Ubwo bugingo bwaraserutse turabubona kandi turabushingira intahe. Tubabwira ubugingo budashira bwamanye na Data hanyuma tukabuhishurirwa. 3 Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo. 4 Ibi tuvyanditse kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye. Imana ni umuco 5 Ubu ni bwo butumwa twumvanye Yesu Kristo kandi ni na bwo tubabwira: Imana ni umuco; muri yo nta mwijima uhaba na gato. 6 Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri. 7 Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose. 8 Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. 9 Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose. 10 Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba tuyigize umubeshi kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.