1 Timoteyo 6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Abari mu bugurano bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe. 2 Na yo ku bafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kuko ari bene Se. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza, kuko ivyo bakora bifasha abizera b’abakundwa. Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu. Ivy’abigisha b’ibinyoma n’abakunda amahera 3 Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka, 4 baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana, 5 n’uguharira ata ho gushikana hagati y’ab’ubwenge bwapfuye, banyazwe ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi. 6 Ariko ukugororoka n’uguhazwa n’ivyo ufise bigira ikimazi kinini cane. 7 Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzoyikurako ni twayivako. 8 Iyo turonse ico turya n’ico twambara, biba bidukwiye. 9 Abagomba gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu, bitwara abantu mu guhomba no mu guhona. 10 Gukunda amahera ni umuzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuronka amahera, maze bangarira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima. Impanuro ya nyuma 11 Ariko wewe muntu w’Imana, uhunge ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza. 12 Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi. 13 Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato, 14 ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa. 15 Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware. 16 Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen. 17 Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe. 18 Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi. 19 Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi nk’urufatiro rwiza rwa kazoza rwo kugira ubuzima nyakuri. 20 Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera. 21 Bamwe barataye ukwizera bakurikira ubwo bupfu. Ubuntu bubane namwe mwese. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.