Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Timoteyo 5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ibijanye n’abapfakazi, abageze mu zabukuru n’abaja

1 Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho yoba ari so. Abakiri bato ubafate nka benewanyu,

2 abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.

3 Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.

4 Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubereka ukwubaha Imana kwabo mu kubitwararika, ni ho bazoba bishuye abavyeyi babo ivyo babakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.

5 Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.

6 Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye naho yoba ari muzima.

7 Ivyo uzokwame uvyibutsa abantu, kugira ngo babeho batagira umugayo.

8 Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.

9 Umupfakazi akwiye kuja ku rutonde rw’abafashwa akwiye kuba arenza imyaka mirongo itandatu, akaba yari umwizigirwa ku mugabo wiwe,

10 kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.

11 Na yo abapfakaye bakiri bato, ntuzobashire kuri urwo rutonde. Kuko ukwipfuza kw’umubiri kwabo kwohava kubarengera bakava mu kwiyegurira Kristo bakagomba kurongorwa.

12 Gutyo boba bikwegeye gutsindwa n’urubanza kuko boba barenze isezerano ryabo rya mbere.

13 Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo batotegerejwe kuvuga.

14 Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.

15 Kuko bamwe muri bo baza baramaze guta umurongo bakurikira Satani.

16 Nimba hari umugore atunze abapfakazi mu nzu iwe, nabe ari we abafasha kugira ngo ntibaremere ishengero, kugira ngo rifashe abatagira ic’epfo ca ruguru bonyene.

17 Abakuru b’ishengero barongoye ishengero neza bakwiye gufatwa neza na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.

18 Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: “Ntimukazibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano,” kandi ngo: “Umukozi aberwa n’impembo.”

19 Ntuze wumvirize ibirego bivugwa ku mukuru w’ishengero, kiretse bizanywe n’abantu babiri canke batatu.

20 Ariko nihagira uwuguma mu vyaha, uzomwihanikirize mw’ishengero ry’abantu kugira ngo abandi na bo babone gutinya.

21 Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana na Kristo Yesu n’imbere y’abamarayika batoranijwe ngo ukurikize ivyo nakubwiye vyose udacishije i ruhande, kandi ntuze wigere ugira aka mwana wa mama.

22 Ntuze wihutire kurambika ibiganza ku bantu, kandi ntuze wifatanye n’abakora ivyaha. Wame wejejwe.

23 Ntuze wame unywa amazi yonyene, uje uranywa umuvinyu mukeya ku bw’ingorane y’umushihito wawe, kuko wama ugwaragurika.

24 Ivyaha vya bamwebamwe biribonekeza n’imbere y’uko babacira imanza. Ariko hari n’abandi ivyaha vyabo bimenyekana vyaratevye.

25 No ku bikorwa vyiza na vyo ni uko nyene; ibikorwa vyiza vya bamwebamwe biragaragara, ariko n’ibikorerwa mw’ibanga umusi umwe bizoja ahabona.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan