Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Timoteyo 4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi ya nyuma abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.

2 Izo nyigisho ziva ku babeshi b’abiyorobetsi, bafise ubwenge bwapfuye.

3 Babuza abantu kurongora, bakabategeka kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.

4 Kubera rero ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ntagikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima,

5 kuko turazi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.

6 Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.

7 Wirinde inkuru zipfuye n’imigani y’abakecuru. Ahubwo wimenyereze kwubaha Imana.

8 Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.

9 Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa.

10 Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.

11 Uze wame wigisha ivyo.

12 Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.

13 Mu kurindira ko ndagushikira, wiyegurire gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.

14 Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe n’ijambo ryakuvugishijweko, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’ishengero.

15 Ugire umwete muri ivyo. Witangire igikorwa cawe n’umutima wawe wose, ni ho bose bazobona ugutera imbere kwawe.

16 Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan