Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ivy’uburenganzira bw’intumwa

1 Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?

2 N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.

3 Iki ni co nireguza ku bancira imanza.

4 Mbega sinemerewe guhabwa ivyokurya n’ivyo kunywa?

5 Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?

6 Canke ni jewe na Baranaba dutegerezwa gukora twenyene kugira ngo twitunge?

7 Ni nde yoba umusoda hanyuma agategerezwa kwibeshaho? Ni nde yotera uruzabibu hanyuma ntarye ivyamwa vyarwo? Ni nde yoragira amasho hanyuma ntanywe amata yayo?

8 Mbega ibi ndabibabwiye bivuye mu vyiyumviro vy’abantu? Canke n’ivyagezwe vya Mose birafise ico bibivugako?

9 Muri ivyo vyagezwe haranditse ngo: “Ntimukazibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano.” Mbega mwibaza ko ngaha Imana yariko ivuga indogoba gusa?

10 Nta nkeka ibi ni twebwe yari ibivuzeko. Ibi vyandikiwe twebwe kugira ngo uwurima n’uwimbura bizigire kuzoronka umugabane wabo ku mwimbu.

11 Ko twababivyemwo imbuto mu buryo bw’impwemu, ntitwari dukwiye kubimburamwo ivyokurya vy’umubiri?

12 Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.

13 Mbega ntimuzi ko abakora mu rusengero barya ivyo mu rusengero, kandi ko n’abakora ku gicaniro barya ivyashikanywe ku gicaniro?

14 Ni muri ubwo buryo nyene, Umwami yategetse ko abavuga Ubutumwa Bwiza bazotungwa n’ubwo Butumwa nyene.

15 Ariko sinigeze ngwanira na kimwe muri ibi nari nemerewe, kandi sindabandikiye iri kete kugira ngo mutangure kumpa ibimbeshaho. Nopfuma mpfa hako ntakaza ibi vyirato vyo kuvuga ubutumwa ata we ndemereye.

16 Ariko iyo mvuze ubutumwa, sinshobora kuvyirata kuko mba nshikije itegeko ry’Imana. Noba ngowe ntavuze ubutumwa bwiza.

17 Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.

18 Mbega impera yanje ni iyihe? Ni uko mvuga Ubutumwa Bwiza ata we ndemereye, ntahagaze ku burenganzira nari mfise nk’umuvugabutumwa.


Umwete wa Pawulo

19 N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.

20 Ku Bayuda nabaye nk’uwuganzwa n’ivyagezwe n’aho ntaganzwa na vyo, kugira ngo nzane kuri Kristo abaganzwa n’ivyagezwe.

21 Ku banyamahanga batagira ivyagezwe nabayeho nk’uwutabigira n’aho nganzwa n’ivyagezwe vy’Imana, nkubaha ivyagezwe vya Kristo, kugira ngo nzane abatagira ivyagezwe kuri Kristo.

22 Ku banyantegenke nigize umunyantege nke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose kugira ngo hagire bamwe muri bo bakizwa.

23 Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.


Guhiganirwa impera

24 Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.

25 Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho.

26 Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ibipfunsi ahusha uwo bagwana.

27 Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, ngahusha impera.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan