1 Korinto 8 - Bibiliya mu Kirundi corosheIbijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana 1 Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka. 2 Iyo umuntu yibwira ko azi ikintu, ntaba arakimenya gushika ku rugero yategerezwa gushitsako mu kukimenya. 3 Ariko uwukunda Imana we na yo iramuzi. 4 None rero ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa ngaha kw’isi, kandi ko hari Imana imwe gusa. 5 Hari ivyitwa “imana” vyinshi kw’isi no mw’ijuru, kandi hari abantu basenga imana nyinshi n’abami benshi. 6 Ariko tuzi ko hari Imana imwe, ari yo Data, yaremye vyose kandi tubayeho ku bwayo. Hari Umwami umwe, ari we Yesu Kristo. Vyose vyaremewe muri we, kandi muri we ni ho twaherewe ubugingo. 7 Ariko abizera bose ntibamenye ibi. Bamwe baramenyereye ibigirwamana gushika aho n’ubu, iyo bariye ivyashikaniwe ivyo bigirwamana, bumva umenga basenze imana zifise ubugingo, gutyo imitima yabo igahumana kubera intege nke zabo. 8 Kuko ntitwemerwa n’Imana kubera ivyo turya, kandi nta co dutakaza iyo tubiretse, kandi nta co twunguka iyo tubiriye. 9 Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke. 10 Mbega umuntu w’umunyantege nke niyabona wewe umusumvya ugutahura uriko ararya ivyo mu nzu y’ibigirwamana, ntibizotuma abirya na we kubera intege nke ziwe? 11 Nuko rero, uwo mwene Data w’umunyantege nke Kristo yapfiriye, ntimumuranduze ugutahura kwanyu. 12 Mucumuye kuri bene Data muri ubwo buryo, muba mucumuye kuri Kristo. 13 Ni co gituma, nimba ivyokurya vyotuma mwene Data akora icaha, sinzokwigera ndya inyama kugira ngo sintume atsitara akagwa. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.