1 Korinto 5 - Bibiliya mu Kirundi corosheUbusambanyi bwari mw’ishengero 1 Narumvise ko hari ingeso y’ubusambanyi hagati muri mwebwe, ubusambanyi butaba no mu Banyamahanga: numvise ko hari umugabo yarongoye umugore wa se. 2 Kandi ikibabaje, aho gutuntuzwa n’ivyo, maze umuntu yabikoze mukamutaramura muri mwebwe, mubandanya mwishira hejuru. 3 N’aho ntari kumwe namwe mu buryo bw’umubiri, ndi kumwe namwe mu buryo bw’impwemu. Uwo muntu yakoze ivyo naramaze kumucira urubanza nk’aho noba ndi kumwe namwe. 4 Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe, 5 maze uwo muntu muze mumuhe Satani kugira ngo akamere k’icaha kiwe karanduke, ariko impwemu yiwe izorokoke ku musi w’Umwami Imana. 6 Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose? 7 Nimukure rero muri mwebwe umwambiro wa kera, kugira ngo mube igikandu kitagira umwambiro. Mu vy’ukuri ni co muri, kuko Kristo, umwagazi w’intama wa Pasika, yatanzwe nk’ikimazi ku bwacu. 8 Ni co gituma dukwiye guhimbaza uwo musi mukuru tudakoresheje imikate irimwo umwambiro wa kera, ari wo mwambiro w’ubugunge n’ubukozi bw’ikibi, ariko dukoresheje imikate itarimwo umwambiro, ari yo mikate itagira uburyarya kandi irimwo ukuri. 9 Igihe nabandikira ubwa mbere nari nababujije kwifatanya n’abantu b’ingeso z’ubusambanyi. 10 Simvuga abantu bo mu b’iyi si bagendera mu ngeso z’ubusambanyi, canke ingunge, canke abasuma, canke abasenga ibigirwamana, kuko vyosaba ko muva muri iyi si kugira mushobore kwirinda abantu nk’abo. 11 Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya. 12 Si igikorwa canje gucira urubanza abatari mw’ishengero, ariko ni igikorwa canyu gucira urubanza ababandanya bakora ivyaha bari mw’ishengero. 13 Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.