Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Umuhamagaro w’Intumwa

1 Nuko rero mwese mudufate nk’abakozi ba Kristo, abo Imana yajeje kumenyekanisha amabanga yayo yahishuye.

2 Iyo umukozi ajejwe ibintu, ico asabwa ni ukuba umwizigirwa.

3 Ku binyerekeye, nta co bintwaye gucirwa urubanza namwe canke n’ubundi bucamanza bwose bw’abantu. Ariko jewe ubwanje nta rubanza nicira.

4 Mu mutima wanje nta jwi rinyagiriza ikibi, ariko ivyo ntibisigura ko nera. Umwami Imana ni we ancira urubanza.

5 Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.

6 Bene Data, natanze akarorero kuri jewe no kuri Apolo ku bwanyu, kugira ngo mutwigireko iri jambo rivuga riti: “Ntimukarenge ku vyanditswe;” aho ni ho ata n’umwe muri mwebwe azokwirata kuba umwigishwa w’umwe ngo amurutishe uwundi.

7 Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?

8 Mwibaza ko mukwije vyose! Mwibaza ko mumaze gutunga! Muramaze no kuba abami tutari kumwe! Icompa mukaba abami vy’ukuri kugira ngo tuganzanye namwe.

9 Ariko nibaza ko twebwe intumwa tumeze nk’imbohe z’intambara zigenewe kwicwa. Imana yadushize ku murongo inyuma y’abadufashe mpiri, mu birori vyazo vyo kwigina intsinzi. Twahindutse akamenyo kw’isi yose, mu maso y’abamarayika no mu maso y’abantu.

10 Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.

11 Gushika n’ubu turasonza kandi tukanyoterwa, ntitugira ico twambara, turakubitwa, kandi ntitugira aho tuba.

12 Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.

13 Iyo batuvuze nabi, twishurana ubugwaneza. Gushika n’ubu dufatwa nk’umwavu wo kw’isi, ivyatawe na bose.


Pawulo ahanura ab’i Korinto

14 Sindabandikiye ibi kugira ngo ndabamaramaze, ahubwo nipfuza kubaburira nk’abana banje nkunda cane.

15 Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.

16 Ndabinginga rero ngo munyigane.

17 Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.

18 Bamwe muri mwebwe batewe n’ubwibone bibaza ko ntazoza kubagendera.

19 Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.

20 Kuko Ubwami bw’Imana atari amajambo gusa, ahubwo ni ubushobozi.

21 Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan