1 Korinto 15 - Bibiliya mu Kirundi corosheIbijanye n’ukuzuka kwa Kristo 1 Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo. 2 Ubwo Butumwa ni bwo bubakiza mwumiye ku majambo nababwiye. Ahandi ho ukwizera kwanyu kwoba ari ukw’ubusa. 3 Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga, 4 ko yahambwe hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bibivuga, 5 kandi ko yiyeretse Kefa, hanyuma yiyereka bamwe cumi na babiri. 6 Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho. 7 Maze yiyereka Yakobo, yongera yiyereka n’izindi ntumwa zose, 8 Ubwa nyuma aranyiyereka nanje, nk’uwavutse mu gihe kitari co. 9 Koko ndi uwa nyuma mu ntumwa kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana. 10 Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe. 11 Ariko yaba jewe, yaba bo, ivyo ni vyo twigisha, kandi ni vyo mwizeye. Ibijanye n’ukuzuka kw’abapfuye 12 None rero nimba twigisha ko Kristo yazutse mu bapfuye, ni kubera iki bamwe muri mwebwe bavuga ko ata zuka ry’abapfuye rihari? 13 Nimba ata zuka ry’abapfuye rihari, na Kristo rero ntiyazutse. 14 Kandi nimba Kristo atazutse, inyigisho zacu ni iz’ubusa, kandi n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa. 15 Kandi ikirengeye ivyo, twebwe intumwa twoba tubeshera Imana, kuko twama dushinga intahe ko Imana yazuye Kristo mu bapfuye. Ariko nimba Imana itamuzuye mu bapfuye, koko nta zuka ry’abapfuye rihari. 16 Kandi nimba abapfuye batazozurwa, na Kristo ntiyazuwe mu bapfuye. 17 Nimba na ho Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa, muracagendera mu vyaha vyanyu. 18 N’abapfiriye muri Kristo ntibazosubira kubaho. 19 Nimba ivyizigiro vyacu muri Kristo ari ivy’ubu buzima gusa, turi abahombe gusumba abandi bantu bose. 20 Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, maze, nk’ivyeze ubwa mbere, aba icemeza ko abapfuye bazozuka. 21 Nk’uko urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye na kwo kuzanwa n’umuntu. 22 Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima. 23 Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka. 24 Inyuma y’aho hazoca haza umuhero wa vyose, aho azotanga Ubwami akabushikiriza Imana Data, amaze gusangangura ububasha bwose, ubutware bwose n’ubushobozi bwose. 25 Kuko ategerezwa kuganza gushitsa ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe. 26 Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu. 27 Kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Imana yashize vyose musi y’ububasha bwiwe.” Ariko rero bivuze ko “vyose” biri musi y’ububasha bwiwe, biragaragara ko bitaba bishizemwo Imana kuko ni yo ishira vyose musi y’ububasha bwa Kristo. 28 Maze vyose nivyamara gushirwa musi y’ububasha bwa Kristo, na we azoja musi y’ububasha bw’Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’Umwana wayo, ibe vyose muri vyose. 29 Nimba ata zuka ririho, none abo babatizwa mu kibanza c’abapfuye babigira biteze iki? Nimba abapfuye batazozuka, ni kubera iki hari ababatizwa mu kibanza cabo? 30 Kandi ni kubera iki natwe twishira mu ntambara umwanya wose? 31 Bene Data, ndababwije ukuri ko mpakwa kwicwa ku musi ku musi. Ibi ni ukuri nk’uko munezero mfise kubera ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yakoze muri mwebwe. 32 Nimba naragwanye n’ibikoko vyo mw’ishamba muri Efeso, ata yindi nyungu niteze atari ivyizigiro vyo mu mubiri gusa, nzoba nungutse iki? Kandi nimba ata kuzuka kuriho, nk’uko wa mugani uvuga: “Reka twirire twongere twinywere, kuko ejo tuzopfa.” 33 Ntihagire uwubazimiza: “Abagenzi babi bonona ingeso z’umuntu.” 34 Garura ubwenge nk’uko bibereye, mureke kwama mukora ivyaha. Ibi ndabivuze kugira ngo ndabatere kugira isoni, kuko bamwe muri mwebwe bataramenya Imana na gato. Imibiri tuzozukana 35 Ariko bamwe muri mwebwe barabaza bati: “Mbega abapfuye bozozuka gute? Bazoba bafise umubiri umeze gute?” 36 Mwa mburabwenge mwe! Imbuto ntishobora kumera itabanje gupfa. 37 Ico mubiba si urya mutumba w’igiterwa ukura, ahubwo ni imbuto zisanzwe, zaba ingano canke izindi mbuto. 38 Hanyuma Imana ikayiha umutumba nk’uko yabiteguye, kandi igatanga imitumba itandukanye bivanye n’imbuto. 39 Imibiri yose ntimeze co kimwe: abantu bafise imibiri yabo, ibikoko bikagira iyavyo, inyoni zikagira iyazo, n’amafi akagira iyayo. 40 Hari ibiba mu kirere, hakaba n’ibiba kw’isi, ariko ibiba mu kirere bifise ugukayangana kwavyo, ivyo kw’isi bikagira ugukayangana kwavyo. 41 Izuba rigira ugukayangana kwaryo, ukwezi kukagira ugukayangana kwakwo, inyenyeri na zo zikagira ugukayangana kwazo, kandi n’inyenyeri ubwazo zigira ugukayangana gutandukanye. 42 Ni ko bizoba bimeze ku musi w’izuka ry’abapfuye. Uwu mubiri uhambwa ni uwubora, ariko uzozurirwa kubaho ibihe vyose. 43 Imibiri yacu ihambwa ata co imaze, ariko izozurirwa ubwiza butangaje. Ihambwa ari iminyantegenke ariko izozurirwa kuba iminyenkomezi. 44 Ihambwa ari imibiri y’abantu nk’uko tuyibona, ariko izozurwa ari imibiri yo mu buryo bw’impwemu. Kuko nk’uko hari imibiri isanzwe, hariho n’imibiri yo mu buryo bw’impwemu. 45 Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo. 46 Uw’impwemu si we yaje ubwa mbere, habanje kuza uw’umubiri, hanyuma haza uw’impwemu. 47 Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru. 48 Ab’isi bameze nk’uw’isi, ariko ab’ijuru bameze nk’uw’ijuru. 49 Kandi nk’uko twavutse dufise kamere muntu k’uw’isi, ni ko tuzosa n’uw’ijuru. 50 Ico ngomba kubabwira bene Data, ni uko uwu mubiri twambaye utazoragwa Ubwami bw’Imana, kandi ibibora vyose ntibizoragwa ibizohoraho. 51 Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi. 52 Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi. 53 Uyu mubiri wacu ubora uzoca wambara ukutabora, kandi uwu mubiri wacu upfa uzoca wambara ukudapfa. 54 Maze uwu mubiri ubora umaze kwambara ukutabora, n’ugupfa kwawo kukambara ukudapfa, ni ho ibi vyanditswe bizoba bishitse, ngo: “Urupfu rwamizwe n’intsinzi.” 55 “Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?” 56 Kuko icaha ni uruboyi rw’urupfu, kandi ububasha bw’icaha buri mu vyagezwe. 57 Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo. 58 None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.