Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ibijanye no kuvuga indimi zitamenyerewe

1 Murondere kugira urukundo kandi mwipfuze cane kuronka ingabire za Mpwemu, na canecane ingabire y’ukuvugishwa n’Imana.

2 Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana ntaba ariko arabwira abantu ahubwo aba ariko arabwira Imana, kandi nta n’uwushobora kumutahura. Impwemu yiwe iba iriko iravuga amabanga.

3 Ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arabwira abantu kugira ngo bakomezwe, baterwe intege bongere birurwe.

4 Uwuvuga mu ndimi zitamenyekana aba ariko ariyubaka we nyene, ariko uwuvugishwa n’Imana aba ariko arubaka ishengero.

5 Vyobaye vyiza mwese muvuze mu ndimi, ariko ikirengeye ni uko mwovugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana arahambaye gusumba uwuvuga mu ndimi, kiretse mu gihe yoba ashobora kuzisobanura kugira ishengero ryose rikomezwe.

6 Bene Data, mbega iyo nza iwanyu mvuga mu ndimi, nari kubamarira iki ntabazaniye ivyo nahishuriwe, amajambo y’ubwenge, ubuvugishwa canke inyigisho?

7 Ni ko bimeze no ku bicurarangisho bisanzwe bitagira ubuzima, nk’umwironge canke inanga. Mbega bivuze co kimwe, hari uwoshobora kumenya ikivugijwe?

8 Kandi n’inzamba itavugijwe mw’ijwi ribereye, abasoda ntibomenya ko bahamagawe ngo baje ku rugamba.

9 No kuri mwebwe ni uko. Mutavuze amajambo atahuritse y’ururimi rwanyu, nta womenya ico muriko muravuga. Mwoba muriko mubwira ikirere gusa.

10 Kw’isi hari indimi nyinshi, kandi nta na rumwe rutagira ico rusigura.

11 None rero, ntaronse insiguro y’ivyo mbariwe noba ndi umunyamahanga kuri uwo ambarira, kandi na we nyene yoba ari umunyamahanga kuri jewe.

12 Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.

13 Ni co gituma nimba hari uwuvuga mu ndimi zitamenyekana yari akwiye gusenga Imana ngo imushoboze gusobanura ivyo avuga.

14 Kuko iyo nsenga mu ndimi zitamenyekana, impwemu yanje ni yo iba iriko irasenga, ariko simba ndiko nkoresha ubwenge bwanje.

15 None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.

16 Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?

17 Mushobora kuba muriko murashima Imana cane, ariko ntibizofasha abariko barabumva.

18 Ndashima Imana ko mvuga mu ndimi kubasumvya.

19 Ariko mu rusengero, mpitamwo kuvuga amajambo yumvikana atanu arimwo inyigisho aho kuvuga amajambo ibihumbi cumi mu ndimi zitamenyekana.

20 Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.

21 Mu vyagezwe haranditswe ngo: “Nzobwira abantu banje mu ndimi zitazwi, nkoresheje akanwa ka ba kavantara. Ariko na ho nyene, ntibazonyumvira.” Ni ko Umwami Imana avuze.

22 Indimi zitamenyekana rero ni ikimenyetso ku batizera, si ku bizera. Ariko ubuvugishwa ntibuhari ku neza y’abizera, ni ku y’abatizera.

23 None rero, abatizera canke abantu badatahura ivyo kuvuga mu ndimi zitamenyekana baje mu makoraniro y’ishengero yanyu, bakumva muvuga mu ndimi zitamenekana, bazokwibaza ko mwasaze.

24 Ariko abatizera canke abadatahura ivyo kuvuga indimi zitamenyekana nibaza bagasanga mwese muriko muravugishwa, bazokwemezwa mu mitima yabo ko ari abanyavyaha, kandi ko bazocirirwa urubanza n’ivyo muvuga,

25 maze ivyinyegeje mu mitima yabo bizobe bigiye ahabona. Bazoheza bakubite ibipfukamiro hasi bahimbaze Imana, bavuge bati: “Vy’ukuri Imana iri kumwe namwe!”


Ibintu vyose bikwiye gukorwa mu rutonde

26 Muri make rero bene Data, iyo mukoraniye hamwe, hazoba uwuririmba, uwundi yigishe, uwundi avuge ico Imana yamuhishuriye, uwundi avuge mu ndimi zitamenyekana, uwundi na we azisobanure. Ariko vyose bikorwe ku buryo bibubaka mwese.

27 Abantu nka babiri canke batatu gusa abe ari bo bavuga mu ndimi zitamenyekana kandi havuge umwe umwe, hongere habeho uwuzisobanura.

28 Ata musobanuzi ahari, uwo muntu ntazovuge mu rusengero, azokwiganirire n’Imana wenyene.

29 Abantu nka babiri canke batatu bazotange ubuvugishwa, abandi na bo basese, bihweze ivyavuzwe.

30 Nimba hari uwicaye mu rusengero hanyuma akagira ico abwiwe n’Umwami Imana, uwari asanzwe ariko aravuga azoce abanza ahagarike.

31 Abavugishwa n’Imana bose bazokuranwa kuvuga, umwe avuge uwundi ahejeje, kugira mugire ico mutahuye hanyuma muterwe intege.

32 Abavugishwa n’Imana bategerezwa kuganza impwemu zabo, bagakuranwa kuvuga,

33 kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.

34 Abagore bazogume banumye mw’ishengero. Ntibemerewe kuvuga, ahubwo bicishe bugufi nk’uko ivyagezwe bivuga.

35 Bafise ico babaza, bazokibarize abagabo babo i muhira. Kuko bitabereye ko umugore avuga mu makoraniro y’ishengero.

36 Mbega ijambo ry’Imana ryamutse muri mwebwe? Canke mwibaza ko ari mwebwe mwenyene ryahawe?

37 Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.

38 Uwutavyemera, na we ntazokwemerwa.

39 None rero bene Data, mwipfuze kuvugishwa n’Imana, kandi ntimubuze abavugishwa n’Imana mu ndimi zitamenyekana.

40 Ariko vyose bikorwe mu buryo bubereye, kandi mu rutonde.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan