1 Korinto 13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Naho novuga mu ndimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana. 2 Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa. 3 Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa. 4 Urukundo rurihangana, rugira ubugwaneza. Ntirugira ishari kandi ntirwishira hejuru. 5 Ruriyoroheje, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. 6 Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. 7 Urukundo rurenzako muri vyose, rwizigira vyose, rwizera vyose, rwihanganira vyose. 8 Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera. Ariko urukundo ruzokwamaho ibihe vyose. 9 Ubwenge dufise ubu ni agace, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu kwerekana agace. 10 Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikazokurwaho. 11 Nkiri umwana navuga kandi nkiyumvira nk’umwana. Ariko maze gukura ivy’ubwana nabitaye kure yanje. 12 Ivyo tubona ubu ni nk’ivyijiji mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona neza vyose amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza. 13 None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.