Mariko 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Isabato ishitse, aca yigishiriza mw isinagogi: benshi bamwumvise baratangara, bat’ Ivyo vyose uyu yabikūye hehe? Kandi n’ubgenge ki yahawe, n’ivyo bitangaza bingaho bikorwa n’amaboko yiwe n’ibiki? Viz kapitolaBibiliya mu Kirundi coroshe2 Umusi w’Isabato ushitse, atangura kwigisha mw’isinagogi; benshi bamwumvirije baratangara cane. Barabazanya bati: “Mbega ivyo yigisha yabikuye he? Ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? Viz kapitola |