Mariko 15:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)36 Umwe arirukanga, yābīra sipongo, ayuzuza inkarisha, ayirungikisha irenga; arayimusomesha, ati Hinge turābe ko Eliya yoza kumubambūra. Viz kapitolaBibiliya mu Kirundi coroshe36 Umwe ariruka afata ipampa arijobeka mu nkarisha, arishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: “Reka turabe ko Eliya aza kumwururutsa amukure ku musaraba.” Viz kapitola |