Mariko 14:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe43 Yesu akiriko aravuga, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe n’abatware. Viz kapitolaBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)43 Buno nyene akivuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, araza, azananye n’igitero kizanye inkota n’amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe. Viz kapitola |