Abaroma 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe20 Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza. Viz kapitolaBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)20 Kukw ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza, Viz kapitola |