Itanguriro 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imana irema ijuru n’isi n’ibirimwo vyose 1 Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi. 2 Isi yar’ ikir’ i buziba, yarik’ ubusa gusa, kand’ umwiza war’ upfutse idamba: kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi. 3 Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho. 4 Imana ibona umuco kw ari mwiza: iraheza itandukanya umuco n’umwiza. 5 Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere. 6 Imana iravuga, iti Ni habeh’ itāzānure hagati y’amazi, ritandukanye amazi n’ayandi. 7 Imana iraritāzānura, itandukanya amazi yo musi y’itāzānure n’ayo hejuru yaryo: biba kuno. 8 Maz’ iryo tāzānure Imana iryita Ijuru. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kabiri. 9 Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno. 10 Maz’ i musozi Imana ihita Isi, ikoraniro ry’amazi na ryo iryita Ibiyaga: Imana ibona kw ari vyiza. 11 Imana iravuga, it’ Isi n’imere ivyatsi, n’ibimera vyose vyama utubuto, n’ibiti vyama ivyamwa vyavyo ukw amoko yavyo ari, birimw’ imbuto zavyo, kw isi nyene: biba kuno. 12 Nukw isi imera ivyatsi n’ibimera vyose vyama utubuto ukw amoko yavyo ari, n’ibiti vyama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo, ukw amoko yavyo ari: nukw Imana ibona kw ari vyiza. 13 Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatatu. 14 Imana iravuga, iti Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ ivyāka vyo gutandukanya umurango n’ijoro; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka: 15 kandi bibe ivyāka vyo mw itāzānure ry’ ijuru vyo kwākira isi: biba kuno. 16 Imana irema ivyāka bibiri binini, icaka kinini co kuganza umurango, n’icaka gitoya co kuganza ijoro, bo n’inyenyeri. 17 Imana ibishira mw itāzānure ry’ijuru kugira ngo vyākire isi, 18 biganze umurango n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwiza; Imana ibona kw ari vyiza. 19 Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kane. 20 Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. 21 Imana irema ibifi binini‐binini, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda, ivyasegenyutse mu mazi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka vyose bifise ivyubi, ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 22 Imana irabihezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure mu mazi yo mu biyaga, n’ ibiguruka ni bigwire mw isi. 23 Buragoroba, buraca: uwo n’ umusi ugira gatanu. 24 Imana iravuga, it’Isi n’izane ibiri n’ubugingo, nk’ukw amoko yavyo ari, vy’ ibitungano n’ivyikwega hasi n’ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari: biba kuno. 25 Nukw Imana irema ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 26 Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi. 27 Nukw Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’ uburyo bubiri. 28 Maz’ Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi. 29 Imana irababgira, it’Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri kw isi yose, n’igiti cose cama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo: bibabere ivyo kurya vyanyu. 30 Kand’ ibikōko vyose vyo kw isi, n’ibiguruka mu kirere vyose, n’ivyikwega hasi vyose birimw’ ubugingo, mbihaye ivyatsi bitotahaye vyose, ngo bibe ivyo kurya vyavyo: biba kuno. 31 Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi