Aanlyn Bybel

- Advertensies -

Imigani 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Inyanduruko y’imigani

1 Imigani ya Salomo mwene Dawidi, umwami w’Abisirayeli,

2 Yo kumenya ubgenge bo n’ inyigisho; Gutegēra amajambo y’ugutahura;

3 Kwigishwa gukora ibiroranye mu bgenge, Mu kugororoka, mu kwitegereza neza no mu gutunganya;

4 No guha imburabgenge kwiguranura, N’umusore kumuha ukumenya no kugira amakenga:

5 Kugira ng’ umunyabgenge yumve, yunguke ubgenge, Kandi ng’ umuntu w’umuhanga ashike ku kwemera inama nziza;

6 No ku gutahura umugani n’ikigereranyo, N’amajambo y’abanyabgenge n’ubupfindo bgabo bapfinda.


Guhubūra kureka inzira mbi

7 Kwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ukumenya: Arikw ibipfu bikēngēra ubgenge n’inyigisho.

8 Mwana wanje, umva inyigisho ya so, Kandi ntute ibgirizwa rya nyoko:

9 Kuko bizokubera umugāra w’ubuntu mu mutwe, N’imigufu mw izosi.

10 Mwana wanje, abanyavyaha ni bakwosha Ntukemere.

11 Ni bakubgira, bati Ngwino ujane natwe, Turyamire kwica, Dutegere mu mpisho ūtagira igicumuro, ata nyanduruko;

12 Tubayongobeze nk’i kuzimu, bakibona, Ar’ imirava, nk’abamanuka baja muri rwa rwobo;

13 Tuzoronka ibintu vyose vy’ igiciro kinini, Tuzokwuzuza amazu yacu isahu;

14 Enda fadikanya natwe, Twese tugire umupfuko umwe:

15 Mwana wanje, ntuz’ ugendane na bo mu nzira, Ubuze ikirenge cawe inzira yabo,

16 Kukw ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, Kandi bihutira kuvisha amaraso.

17 Kuk’ umutego utegerwa ubusa Ikiguruka cose iyo kibibona.

18 Kand’ abo, baryamira kuvisha ayabo maraso, Bategera mu mpisho ubgabo bugingo.

19 Uko ni kw inzira zimeze z’ umuntu wese w’ikirara ku nyungu: Inyungu ikūrah’ ubugingo bga ba nyene yo.


Uguhanūra kwa Bgenge

20 Bgenge arangururira ijwi mu nzira; Ashirira ijwi hejuru ahiyaguye;

21 Asemererera ku nama aho bakoranira; Mw ishikiro ku marembo, No mu gisagara, ni hoavugira amajambo yiwe:

22 Ati Yemwe bijuju, muzogeza ryari gukunda ubujuju? N’abacokoranyi guhimbarwa no gucokora? N’ibipfu kugirira urwanko ubgenge?

23 Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.

24 Ko nabahamagaye, namwe mukanka; Nkabākura, ntihagire ūbibabara;

25 Mukagaya inama zanje zose, Mukanka kwihanikiriza kwanje:

26 Nuko nanje nzobatwengera mw ijigo mu gihe c’ivyago vyanyu; Nzobitamba ku muvyimba, agatengo kabafashe;

27 Agatengo kanyu kabafashe nk’igihuhuta, Ivyago vyanyu bibazingazinze nk’agashururu, Guhagarika umutima n’ubusinzikare bibashikiriye.

28 Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:

29 Nuko kuko bagiriye urwanko ubgenge, Ntibahitemwo kwubaha Uhoraho;

30 Bakanka inama zanje, Bagakēngēra ukwihanikiriza kwanje kwose;

31 Ni co gituma bazorya ku vy’ inzira zabo zāmuje, Bazohāga akazīkira kabo ubgabo.

32 Gukomantaza imitima kw’ imburabgenge kuzozica, Kand’ ukugubga neza kw’ibipfu kuzobihonnya.

33 Arik’ ūntega ugutwi wese azoba amahoro, Azokwama atekereje ata kibi atinya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Volg ons:



Advertensies