Abaroma 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Indamukanyo 1 Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana, 2 ubgo yasezeraniye kera mu kanwa k’abo yavugisha mu vyanditswe vyera, 3 buvuga ivy’ Umwana wayo, yavutse mu ruvyaro rwa Dawidi mu buryo bg’umubiri, 4 yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu. 5 Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera: 6 kandi namwe muri muri bo, mwahamagariwe kuba aba Yesu Kristo: 7 ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo. Paulo avuga ko yifuza kuja i Roma 8 Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose. 9 Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība, 10 imisi yose uko nsenze nsaba ngo noneho bishobotse Imana yemere kungendesha amahoro no kunzana i wanyu. 11 Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe; 12 ni kwo guhūmurizanya namwe, mpūmurizwe n’ukwizera kwanyu, namwe muhūmurizwe n’ukwanje. 13 Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu. 14 Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo; 15 ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’ i Roma. Ubutumwa ic’ ari co 16 Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. 17 Kuko muri bgo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n’ukwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera. Ukugabitanya kw’abo mw isi 18 Uburake bg’Imana bgarahishuwe, buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, banyikirisha ukuri ukugabitanya kwabo. 19 Kukw ivyo umuntu yomenya vy’Imana vyerekanwa muri bo, Imana ari yo yabiberetse. 20 Kukw ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza, 21 kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza. 22 Biyise abanyabgenge bacika ibipfu, 23 icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi. 24 Ni co catumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni, bumvire ivy’ imitima yabo yifuza, bonone imibiri yabo, 25 kuk’ ukuri kw’Imana bāgukāvye ibinyoma, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye, ni yo ikwiye gushimwa ibihe bidashira: Amen. 26 Ni co catumye Imana ibaheba ngo bifuze ivyonona: kukw abagore babo ic’ imibiri yabo yaremewe bāgihinduye ukundi, itāremewe. 27 Kandi n’abagabo n’uko, bāretse kugirira abagore ivy’ imibiri yabo yaremewe, bashuha babengukana, abagabo bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, kandi mu mibiri yabo bahabga ingero zikwiranye n’ubuzimire bgabo. 28 Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye; 29 buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano, 30 n’abavuga abandi nabi, n’abanka Imana, n’abatukana, n’abībona, n’abīrārīra, n’abīgenera ibibi, n’abatumvira abavyeyi, 31 n’ibipfu, n’abava mw isezerano, n’abadakunda n’ababo, n’imburakigongwe. 32 Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n’ababikora. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi